Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Maz’ arikw aramara imyaka mirongwine avutse, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera bene wabo b’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Mose amaze imyaka mirongo ine, yumva mu mutima yotemberera benewabo b’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:23
18 Referans Kwoze  

Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.


Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira.


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Uhoraho Imana ya ba sogokuruza aragahezagirwa, yashize mu mutima w’umwami imigabo imeze irtyo, yo gushariza ingoro y’Uhoraho ir’ i Yerusalemu.


Hashize imisi, Paulo abgira Barunaba, at’ Ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twāvuze ijambo ry’Umwami Yesu, tumenye uko bameze.


Nuko, abakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abayuda n’ab’ Ababenyamini, bo n’abaherezi n’ Abalewi n’abandi bose Imana yateye umwete, bava hasi kugira ngo baje gusubira kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu.


Mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,


Kandi n’i Buyuda ukuboko kw’ Imana kubaha guhūza umutima, bumvira ico cagezwe c’umwami n’ abaganwa kivuye kw ijambo ry’ Uhoraho.


Nukw abagabo n’abagore bose b’Abisirayeli bemejwe n’imitima yabo kugira ico bazana cose co gukoresha igikorwa Uhoraho yabariye Mose gukora, babizanakw amashikanwa avuye ku mitima ikunze, babishikanira Uhoraho.


Maze baraza, umuntu wese asunitswe n’umutima wiwe, n’umuntu wese atanze bivuye ku mutima, bazana amashikanwa bashikanira Uhoraho, yo gukoresha rya hema ry’ibonaniro, n’ ayo gukoresha ibikorwa vyaryo vyose n’ayo gukoramwo ya myambaro yejejwe.


Mose aragenda, asubira kwa Yetiro sebukwe, aramubarira, ati Ndagusavye, undekure, nsubire ku b’i wacu bari muri Egiputa, ndābe yuko bakiriho. Yetiro yishura Mose, ati Genda amahoro.


Arikw Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk’uwo mbagirira.


Mose yar’ amaze imyaka mirongumunani, igihe babarira Farawo, Aroni na we yar’ amaze mirongumunani n’itatu.


Abonye umuntu agirirwa nabi, aramutabara, ahōra iyo mpahazwa, yica wa Munyegiputa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite