Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Na we yishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire! Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:2
29 Referans Kwoze  

Tera ajana Aburamu umwana wiwe, na Loti mwene Harani umwuzukuru wiwe, na Sarayi umukazana wiwe, muka Aburamu umwana wiwe; bava muri Uri i Bukaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani; bashika i Harani, bagerēraho.


Ati Yemwe bagabo bene Data kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebge.


Ijwi ry’Uhoraho rihindira hejuru y’amazi: Imana y’icubahiro ihindisha inkuba, Ni we Uhoraho ahindishiriza inkuba hejuru y’amazi menshi.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Uhoraho Mana, ni wewe watoye Aburamu, umukūra muri Uri h’i Bukaludaya, umwita izina Aburahamu;


Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho nagukūye muri Uri i Bukaludaya kugira ngo nze nguhe iki gihugu ucegukire.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


Kandi mu baganza b’iki gihe nta wabumenye: iyo baba bārabumenye ntibaba bārabamvye Umwami w’icubahiro.


Avuze artyo, havyuka ibihāri mu Bafarisayo n’Abasadukayo, abanyarukinja birema ibice.


Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubgiza bgiwe, kandi ni we yavuzeko.


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Mwitegereze Aburahamu sogokuruza, na Sara yabavyaye; kuko hamwe Aburahamu yar’ akir’ umwe rudende namuhamagaye, nkamuha umugisha, nkamugwiza.


Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.


Uwo Mwami w’ubgiza ni nde? Uhoraho Nyen’ ingabo Ni we Mwami w’ubgiza. Sela.


Ni mwīgire birebire, mwa birimba, Musegenye, mwa nzugi z’ ibihe vyose, ngo hāguke, Umwami w’ubgiza ngw ashike.


Yosuwa abarira abantu bose, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ati Kera ba sogokuruza banyu bāba hakurya ya Efurate, nka Tera se wa Aburahamu na Nahori, bāsaba izindi mana.


Yakobo abaza abungere, ati Bagenzi, mbega mur’ aba hehe? Baramwishura, bati Tur’ Abanyaharani.


Aburamu ajana Sarayi umugore wiwe na Loti umuhungwabo, n’itunga ryabo ryose bari batungiye i Harani, bo n’abantu bāronkeyeyo; bavaho ngo baje mu gihugu c’i Kanani; nuko bashika i Kanani nyene.


Uhoraho abarira Aburamu, ati Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka.


Muti Mbeg’ imana z’amahanga, ayo ba sekuru bāranduye, zarakijije ab’ i Gozani n’i Harani n’i Resefu n’Abanyedeni baba i Telasari?


Umuherezi mukuru aramubaza, ati Mbeg’ ivyo ni ko biri?


ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya;


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.


Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite