Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Yakobo aramanuka, aja muri Egiputa; agwayo, bo na ba sogokuruza:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Nuko Yakobo amanuka muri Egiputa. Mu nyuma arapfa, co kimwe na ba sogokuruza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:15
13 Referans Kwoze  

Nuko Yosefu arapfa, n’abo bavukana bose barapfa, bo n’ urunganwe rwose rw’ico gihe.


Yakobo arangije kwihanikiriza abana biwe, arikwega asubiza amaguru ku buriri, araheza aracīkāna, ahamvya ababo.


Isaka na we mmuha Yakobo na Esau; Esau mmuha umusozi Seyiri ngw awegukire, Yakobo na we amanukana n’uruvyaro rwiwe muri Egiputa.


Wa wundi akomeze kwaturira imbere y’Uhoraho Imana yiwe, ati Sogokuruza yar’ Umwaramu w’inyererezi; aramanuka, aja muri Egiputa, babayo ar’ imparūrwa; bahindukirayo ihanga rinini rihambaye, ry’isinzi.


Ba sogokuruza banyu bamanutse muri Egiputa ar’ abantu mirongwirindwi: non’ Uhoraho Imana yanyu yabahinduye nk’inyenyeri zo kw ijuru mu kuba benshi.


ingene ba sekuruza bamanutse muri Egiputa, bakahamara igihe kirekire, Abanyegiputa bakabagirira nabi, bose uhereye no kuri ba sekuruza.


Nuko Isirayeli afata urugendo, arajonjora n’utwiwe twose, ashika i Beri‐sheba, aha Imana ibimazi arabikerera, Imana ya se Isaka.


ariko ni nagera guhamvya ba sogokuru, uz’ unkūre muri Egiputa, umpambe mw isenga yabo bāhambgemwo. Aramwishura, ati Nzogenza uk’ umbariye.


Kandi Mose ajanisha amagufa ya Yosefu, kuko Yosefu yari yararahije bene Isirayeli bikomeye, at’ Imana ntizobura kubagendera, namwe muze mukūre amagufa yanje ino, muyadūgane.


Kand’ amagufa ya Yosefu, Abisirayeli bāri bāradūganye bayakūye muri Egiputa, bāyahamvye i Shekemu, ku gasozi Yakobo yari yaraguze na bene Hamori se wa Shekemu amahera ijana y’ifeza yitwa kesita; gaca kaba ishamvu y’aba Yosefu.


Kandi Isirayeli aja muri Egiputa, Yakobo agerēra mu gihugu ca Hamu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite