Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Yosefu atumiza se Yakobo n’abo mu nzu yabo bose, ukw ari mirongwirindwi na batanu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Maze Yosefu aca atumako se Yakobo n’umuryango wiwe wose. Bose hamwe bari mirongo irindwi na batanu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:14
9 Referans Kwoze  

Ba sogokuruza banyu bamanutse muri Egiputa ar’ abantu mirongwirindwi: non’ Uhoraho Imana yanyu yabahinduye nk’inyenyeri zo kw ijuru mu kuba benshi.


Abantu bose bāndurutse mu rura rwa Yakobo bari mirongwirindwi, hakora Yosefu yar’ asanzwe ari muri Egiputa.


Kandi Isirayeli aja muri Egiputa, Yakobo agerēra mu gihugu ca Hamu.


Bene Yuda ni Eri, na Onani, na Shela, na Peresi na Zera: ariko Eri na Onani bapfiriye mu gihugu c’i Kanani. Bene Peresi ni Hesironi na Hamuli.


Kandi muze mubarire data icubahiro canje cose mfise muri Egiputa, n’ivyo mwiboneye vyose, kandi muze munyarukane data kumushikana ino.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite