Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:7
25 Referans Kwoze  

Uko ni kw ijambo ry’Umwami Yesu ryagwiriye cane, rigira ububasha.


Arikw ijambo ry’Imana riragwira, riramamara.


bgābashitseko, nk’uko buri mw isi yose bgama imbuto bugwira: kandi no muri mwebge bugenza burtyo, uhereye wa musi mwumviye mukamenya ubuntu bg’Imana vy’ukuri:


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


ariko mur’ iki gihe riraserutse, kand’ ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana birimenyesheje amahanga yose, nk’ukw Imana ihoraho yageze, kugira ngo bumvire Imana babiheshwa no kwizera,


Ni we yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubg’ izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose habemw’ abumvira Imana, babiheshwa no kwizera:


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.


ubgo mbabarizwamwo, no kubohwa nkabohwa, nk’inkozi y’ikibi; arikw ijambo ry’Imana ntiriboshwe.


hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.


Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubgira, bat’ Urabona, mwene Data, ingen’ Abayuda bizeye ar’ ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.


Ariko Eluma, uwo munyamarēba (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahāririza, ashaka guhuvya ico cēgēra ngo nticizere.


Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,


Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,


Ariko benshi b’imbere bazoba ab’ inyuma, kand’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere.


Kand’ abaherezi baho nzobambika agakiza: Abakunzi banje baho bazosēsereza impundu.


Abaherezi bawe bambare ukugororoka; N’abakunzi bawe bavuze impundu.


Kuko Hezekiya umwami w’Abayuda yari yahaye iryo koraniro amamasa igihumbi n’intama ibihumbi ndwi vyo gutanga kw ibimazi, abaganwa na bo bariha amamasa igihumbi nyene, n’intama ibihumbi cumi; nukw abaherezi benshi bariyeza.


Arikw abaherezi baba bake, ntibāshobora kubāga ibimazi vyose vyo kwoswa; ni co catumye bagenzi babo b’ Abalewi babafasha, gushitsa ah’ igikorwa kirangiriye, no gushitsa ah’ abandi baherezi bāri bamaze kwiyeza, kukw Abalewi bārusha abaherezi kugororoka mu mitima yabo bigatuma bakunda kwiyeza.


bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.


ariko bumva gusa abamvuga, bat’ Umwe yahora aduhīga mbere, ubu asigaye yamamaza ivyizerwa yatikiza kera;


Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane‐cane ab’ inzu y’abizera.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite