Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 babashira imbere y’intumwa, kandi bamaze gusenga zibarambikakw ibiganza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:6
14 Referans Kwoze  

Ni co gituma nkwibutsa gufurūra ingabire y’Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwakw ibiganza vyanje.


Kand’ igihe uzanye Abalewi imbere yanje jewe Uhoraho, Abisirayeli babarambikekw ibiganza.


Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi


Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n’ivy’ abavugishwa n’Imana mu kurambikwakw ibiganza vy’abakuru.


Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera.


Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitsekw ibiganza, barabarungika.


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira.


Uhoraho yishura Mose, ati Jana Yosuwa mwene Nuni, umuntu arimwo Mpwemu, umurambikekw ibiganza;


Kandi Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubgenge, kuko Mose yari yaramurambitsekw ibiganza. Nukw Abisirayeli baramwumvira, bagenza nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


aramwinginga cane, at’ Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho.


Kandi yabonye umuntu yitwa Ananiya yinjira ah’ ari, amurambikakw ibiganza, kugira ngw ahumūke.


Paulo amaze kubarambikakw ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite