Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Abari aho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Sitefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:5
24 Referans Kwoze  

Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.


Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.


Stefano yari yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi, yakora mu bantu ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye.


Umuherezi mukuru aramubaza, ati Mbeg’ ivyo ni ko biri?


Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa.


Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli.


Nukw abāsābagijwe n’amarushwa yabaye kubg’ ivya Stefano baragenda, bashika n’i Foyinike n’i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry’Imana atar’ Abayuda bonyene.


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


Umuntu anezererwa ukwishura kw’akanwa kiwe, Kand’ ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!


Ni ko nawe, ufise abakomeza inyigisho z’Abanikolayiti nk’uko nyene.


Arikw ic’ ufise n’uko wanka ibikorwa vy’Abanikolayiti, ivyo nanje nanka.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukwiragira mu kiyaga no ku misozi ngo muhindure n’umwe abe uw’ idini yanyu; iy’ ahindutse, mutuma abarusha kabiri kuba umwana wa Gehinomu.


Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.


Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, Arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.


Iyo nama ishimwa na Farawo n’abishikira biwe bose.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


Inkuru yabo ishika mu matwi y’ishengero ry’i Yerusalemu, batuma Barunaba ngw ashirwe ashitse muri Antiyokiya.


amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.


Mur’ iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya.


Kandi hamwe amaraso y’uwagushingira intahe Stefano yava, nanje ni ho nari mpagaze, mbishimye, nsanze impuzu z’abāmwica.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite