Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:4
18 Referans Kwoze  

Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.


Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.


Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība,


Kandi muze mubarire Arukipo, mut’ Urābe igikorwa c’ubusuku wahawe mu Mwami wacu, ucuzuze.


Ndagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n’ab’i Lawodikiya n’abatarankubita ijisho bose uko bangana,


kand’ uko nsenze kwose mbasengera mwese nnezerewe,


Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara.


Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose.


Maz’ imisi yo gusasa kwiwe ishize, asubira i we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite