Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bosha abantu n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramugīra, baramufata, bamujana mw ikombe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abashingantahe b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Sitefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:12
15 Referans Kwoze  

Umuntu w’inkazi avyura ibihāri, Arik’ ūteba kuraka ahwamika imitongano.


Arikw Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data.


Abāfashe Yesu bamujana kwa Kayafa, umuherezi mukuru, ni ho abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe bāri bakoraniye.


Nukw iyo misi ndwi igira ishire, Abayuda bāvuye muri Asiya bamubonye mu rusengero, bavurunga ishengero ryose, bamushōrerakw amaboko,


Arikw Abayuda b’i Tesalonike bamenye yukw ijambo ry’Imana rivugwa na Paulo i Beroya kandi, bajayo na ho, bavyura imivurungano mu bantu, babahagarika imitima.


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Bamaze kubazana babashira mw ikombe: umuherezi mukuru arababaza,


bashōrera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y’ibohero rya bose.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


Maze Galiyo abaye icēgēra ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahūza inama bakūrira hasi Paulo, bamujana imbere y’intebe y’imanza,


Umusi ur’ izina, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bgiza, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bazanana kuri we n’abashingantahe:


Nuko bahēra abagabo bo kuvuga, bati Twumvise avuga amagambo y’amarogotano kuri Mose no ku Mana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite