Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko bahēra abagabo bo kuvuga, bati Twumvise avuga amagambo y’amarogotano kuri Mose no ku Mana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ni ko guca baha ingero abantu mu mpisho ngo baje kumudodobereza bati: “Twumvise Sitefano atuka Mose, yongera atuka n’Imana.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:11
28 Referans Kwoze  

naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


Kandi n’iki kitubuza gukora ibibi kugira ngw ivyiza bibeho? (nk’uko batubeshera, kandi bamwe bavuga ko twigisha). Abakora bartyo bazocirwa urubanza bakwiranye.


Na we ashitse, Abayuda bamanutse bavuye i Yerusalemu baramukikiza, bamurega ibirego vyinshi bikomeye, ivyo badashobora kuronkera icagiriza.


bamusaba kubagirira neza kur’ uyo, ngw amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamuryamire bamutsinde mu nzira.


baratabaza, bati Bagabo b’Abisirayeli, mudutabare! Nguyu wa muntu yigisha hose abantu bose, akēngereza ubu bgoko n’ivyagezwe n’aha hantu: ikigeretseko yazanye n’Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hēra.


Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe.


Bahagarika ivyabona vy’ibinyoma, baravuga, bat’ Uyu muntu nta ho ahumeka gutuka aha hantu hēra n’ivyagezwe:


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


Twebge tuzi yukw Imana yavuganye na Mose, arik’ uwo ntituzi ah’ aturuka.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.


Kand’ ūzorogota kw izina ryanje, jewe Uhoraho, ntaz’ abure kwicwa: ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye: yaba umunyamahanga ari muri mwebge cank’ imvukira azorogota kw izina ryanje, aze yicwe.


Ntimuze mwāmāmaze inkuru z’ibinyoma; ntihaze hagire uwifatanya n’ikigāba kuba icabona c’ibinyoma.


Maz’ abaherezi na ba kamenyi babarira abaganwa n’abantu bose, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa; kukw ataze ibibi kur’ iki gisagara, nk’uko mwiyumviye n’amatwi yanyu.


Agishika mw irembo ryitwa irya Benyamini, umukuru w’ abashibamyi yitwa Iriya mwene Shelemiya, Shelemiya wa Hananiya, ni ho yar’ ahagaze: afata uwo muvugishwa Yeremiya, at’ Uroye kwisaba Abakaludaya.


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


Bosha abantu n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramugīra, baramufata, bamujana mw ikombe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite