Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:10
18 Referans Kwoze  

kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


imvugo yanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimw’ amajambo y’ubgenge yo kwemeza abantu, ariko vyaserukamwo Mpwemu n’ubushobozi,


Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.


Ariko har’ impwemu mu bantu, Kand’ ibihumetswe n’Īshobora vyose bibaha gutahura.


Nuko none genda, nanje nzobana n’akanwa kawe, nkwigishe ivyo ukwiye kuvuga.


Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane.


Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


Arikw igihe nzovugana nawe, nzogobotora akanwa kawe, nawe uz’ uheze ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ng’ Ūgomba kwumva ni yumve, ūtabigomba n’areke: kukw ar’ inzu y’abagarariji.


Kukw amajambo anyuzuyemwo, Imbere muri jewe umutima uransunika.


ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.


Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.


Kandi mur’ ubu bgoko nzoguhindura uruzitiro rukomeye rw’imiringa; bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo ngukize, nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


Nuko bahēra abagabo bo kuvuga, bati Twumvise avuga amagambo y’amarogotano kuri Mose no ku Mana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite