Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:1
38 Referans Kwoze  

bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese ukw akennye.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.


Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Nakebge ku musi ugira umunani, nd’ uwo mu bgoko bga Isirayeli, nd’ uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo nd’ Umuheburayo, ku vyo gushimikira ivyagezwe, nd’ Umufarisayo;


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.


avuga ashize amanga mw izina ry’Umwami Yesu; yaravuga ahārīra n’Abayuda bāvuye i Bugiriki: na bo barondera ingene bomwica.


bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore;


Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.


Ugukunda bene Data ni kugumeho.


Mbeg’ abo n’Abaheburayo? Nanje ndi we. N’Abisirayeli? Nanje ndi we. N’uruvyaro rwa Aburahamu? Nanje ndi rwo.


amatongo yabo n’ibintu vyabo bārabigura, bakabibagabanganya bose, nk’uk’ umuntu wese akennye.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Muri vyo hazoba gushima, n’ijwi ry’abanezerewe: kandi nzobagwiza, ntibazoba bake; nzobaha icubahiro, ntibazoba abo hasi.


Mu misi izoza Yakobo azoshinga imizi, Isirayeli apfundike, ashurike: azokwama, yuzuze isi yose.


mwige gukora neza; mushimikire imanza zibereye, mutabare abahahazwa, mucire urubanza impfuvyi, mubūranire abapfakazi.


Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi; Mw igarura ryavyo bizohungabana nk’ibiti vyo kuri Lebanoni: Abo mu gisagara bazororanirwa batotahare nk’ubgatsi bgo mw isi.


Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


Ntihakagire umupfakazi yandikirwa gufashwa ataramara imyaka mirongwitandatu y’amavuka, kandi handikwe uwar’ afiswe n’umugabo umwe gusa,


Kandi ntimukidodombe, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n’umuranduzi.


ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.


Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Asangwa narīmye abagorwa ico bifuza, Canke naratumye amaso y’ abapfakazi akoboka;


Umugorwa yarampezagira, Kandi nanezereza umutima w’umupfakazi.


Ni mwamara gukūra ikigiracumi ku vyo mwejeje vyose mu mwaka ugira gatatu, ari wo mwaka wo gutangamw’ ibigiracumi nyene, muze mubihe Abalewi n’inyambukīra n’impfuvyi n’abapfakazi, babirīre i wanyu, bahāge;


Bamwe cumi na babiri bakoranya ishengero ry’abigishwa, bati Ntibibereye yuko twebge turekera ijambo ry’Imana kugaburisha ivyo ku meza.


amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.


Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.


canke namba twarahawe igikorwa co mw ishengero, tugishishikare; cank’ uwigisha ashishikarire kwigisha;


Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite