Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Petero aca amubwira ati: “Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi na wewe barakujana.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:9
24 Referans Kwoze  

Kandi ntitukagerageze Umwami wacu, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāmugerageje, bakamarwa n’inzoka.


Yamar’ Abisirayeli bagerageza Imana isumba vyose, barayigarariza, Ntibitondera ivyo yashingiye intahe.


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


None rero n’iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge?


Aramuhamagaza, aramubaza, at’ Ivyo nkwumvako n’ibiki? Harūra igitigiri c’ivyo wabīkijwe, kuk’ utagikwiye kuba umubgiriza wanje.


Yesu aramubgira, ati Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.


Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.


Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho; Vy’ukuri akazobura guhanwa!


Vy’ukuri, umunyakibi akazobura guhanwa! Arik’ uruvyaro rw’abagororotsi ruzorokorwa.


Iy’ ubonye umusuma, wemeranya na we, Kandi wifatanya n’abasambanyi.


Kandi Elisa yari yicaye mu nzu yiwe, yicaranye n’abashingantahe; kand’ umwami yar’ atumye intumwa kuri we. Arikw iyo ntumwa itaramushikīra, Elisa abarira abo bashingantahe, ati Ntimubona k’uwo mwana w’umwicanyi atumye uwo kunca umutwe? Nukw iyo ntumwa ni yashika, muyugarane, mugumye urugi. Non’ ibirenge vya shebuja ntimwumva ingene vyumvikana inyuma yiwe?


kw abo bantu bose babonye icubahiro canje n’ibitangaza vyanje nakoreye muri Egiputa no mu bugaragwa, bakangerageza ibihetangabo cumi vyose, ntibanyumvire;


Yita aho hantu Masa na Meriba kukw Abisirayeli bamutonganije, kandi kuko bagerageje Uhoraho, bakabaza ngo Mbeg’ Uhoraho ari muri twebge, canke ntari muri twebge?


Maz’ abantu batonganya Mose, bati Duhe amazi, tunywe. Mose arababaza, ati Muntonganiriza iki? N’iki kibateye kugerageza Uhoraho?


Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!


Imisore iva hasi, iramutekera, iramujana, iramuhamba.


Nuko rero, uhereye ah’ Imana yankūriye mu rugo kwa data, ikankwiragiza, naramubariye, nt’ Uku ni k’ukwiye kuzogenda untabara: aho tuzoshika hose, uz’ uvuge, uti Ni musazanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite