Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:40
13 Referans Kwoze  

Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo.


Abayuda ibihe bitanu bankubise ibimoko mirongwitatu n’icenda.


ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.


Ariko mwiyubare: kuko bazobashengerana mu manza, muzoshishagurirwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y’abaganza n’abami babampōra, mube ikimenyetso kibabere icabona.


Umuntu agororotse ababara igitungwa ciwe, Arik’ umutima w’abanyakibi n’inkazi.


Igihe c’iyera kigeze, atuma umukozi kuri ba barimyi, ngo bamwamurire inzabibu z’uruzabibu: abo barimyi baramushishagura, bamurungika gusa.


Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;


Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.


Ariko mwebge mwāhaye Abanaziri vino ngo bayinywe, mutako mubuza abo mvugisha, muti Ntimukavugishwe.


babarira abamenyi, bati Ntimutumenyere, bakabgira n’aberekwa ibizoba, bati Ntimutubarire ivyo mweretswe vy’ukuri, ariko mutubarire ivyoroshe, muvugishwe ivy’ ibinyoma;


kandi bazomuha abanyamahanga ngw ashinyagurirwe, atonagurwe, abambge, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite