Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Ariko nimba biva ku Mana, ntimuzoshobora kubagwanya; ahubwo muzosanga muriko mugwanya Imana.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:39
23 Referans Kwoze  

Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’ iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba; nkavuga nt’ Imigabo yanje izohama, kand’ ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


Kuk’ ubupfu bg’Imana burusha abantu ubgenge; kandi n’intege nke z’Imana zirusha abantu inkomezi.


None kw Imana yabahaye ingabire imwe n’iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe nd’ iki gishobora gutāngīra Imana?


Aramubaza, at’ Uri nde ga Mwami? Na we ati Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahīga;


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;


Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we.


Eka ndi yo, uhereye no ku musi w’itanguriro; kandi nta woshobora kugira ico arokora ngw agikūre mu kuboko kwanje. Jewe ico nkora, ni nde yokibuza?


Azobona ibara, ūhāririza uwamuremye, kand’ ar’ akajo mu tujo two kw isi! Mbeg’ ibumba ryobaza ūrikw araribumba, riti Har’ ico wobumba? Cank’ igikorwa ukora covuga kw ata maboko ufise?


Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera wa Isirayeli.


ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ntimuze mudūge kurwanya ab’ i wanyu b’Abisirayeli; ngo Ni mwitahire, umuntu wese asubire i we; ngo Kukw ivyabaye vyavuye kuri we. Nuko bumvira ijambo ry’Uhoraho, baritahira, nk’uk’ Uhoraho yavuze.


Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


Labani na Betuweli baca baramwishura, bat’ Ivyo bivuye k’Uhoraho: nta kindi twoshobora kukubarira ic’ ari co cose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite