Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 kuko mu misi ishize Teyuda yādutse yiyita agakomeye, igitigiri c’abantu gishika nk’amajana ane gikondōrera inyuma yiwe: maz’ aricwa, abāmwumvira bose barasābagira, bacika ubusa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Mu misi iheze, uwitwa Teyuda yaje yigira uwuhambaye, abantu bashika amajana ane baramukurikira. Amaze kwicwa, abamukurikira bose baca barasanzara, ntibagira ico bashikako.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:36
14 Referans Kwoze  

Kandi hāriy’ umuntu yitwa Simoni, yahora akora ivy’ amarēba mur’ico gisagara, akūmiza ubgoko bg’Abasamariya, akīyita agakomeye.


Kand’ ingeso zabo z’isoni nke benshi bazozikurikira; kubg’ ivyo inzira y’ukuri bazoyitukisha.


Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.


Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.


Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, arībesha.


Arikw abashimwa kw ari bakuru — uko bari bameze ubga mbere simbibabaye, kubganje vyose ni bimwe, Imana ntirobanura abantu ku cubahiro — abo bashimwa nta co bānyongerereje.


Si wewe wa Munyegiputa yateye umugararizo mu gihe gishize, akajana mu bugaragwa abantu b’abicanyi ibihumbi bine?


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.


Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


Nuko ni bababgira, bat’ Eh’ ari mu bugaragwa, ntimuze mujeyo; canke, ngw Ari haruguru mu mpete, ntimuze muvyemere.


Kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ni jewe Kristo, kandi bazozimiza benshi.


Maz’ arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite