Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:35 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Maz’ arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Aca ababwira ati: “Bagabo b’Isirayeli, mwiyumvire neza ku vyo mugomba kugirira aba bantu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:35
6 Referans Kwoze  

Uwo mugabisha avyumvise, aja ku mukuru w’abagabisha, arabimumenyesha, at’ Ugira ukore iki? Erega wa muntu n’Umuroma.


None kw ata woshobora guhakana ivyo, mukwiye guhora, no kutagira ico mukora mutitonze.


Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye.


Maze hahaguruka umwe mw ikombe, w’Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato.


kuko mu misi ishize Teyuda yādutse yiyita agakomeye, igitigiri c’abantu gishika nk’amajana ane gikondōrera inyuma yiwe: maz’ aricwa, abāmwumvira bose barasābagira, bacika ubusa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite