Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Maze hahaguruka umwe mw ikombe, w’Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:34
14 Referans Kwoze  

ati Nd’ Umuyuda, navukiye i Taruso h’i Kilikiya, ariko nakuriye mur’ iki gisagara, nigishirizwa imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’ uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry’Imana, nk’uko namwe mwese murifise uyu musi.


Hashize imisi itatu bamubona mu rusengero, yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ ababaza.


Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Barabataramura, maze baja inama,


Maz’ abaganwa n’abantu bose babarira abaherezi n’abo ba kamenyi, bat’ Uyu muntu ntakwiye gupfa, kukw atubariye mw izina ry’Uhoraho Imana yacu.


Maze hava hasi bamwe bo mu bashingantahe b’igihugu, babarira ikoraniro ryose ry’abantu,


Yamara Elunatani na Delaya na Gemariya bari binginze umwami ngo ntaturire uwo muzingo: yanka kubumva.


Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?


Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha. Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana.


Bamaze kubazana babashira mw ikombe: umuherezi mukuru arababaza,


Maz’ arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite