Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:33
20 Referans Kwoze  

Bavyumvise baribga mu mitima, bamuhekenyera imisaya.


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.


Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Umwigishwa biramubereye kumera nk’umwigisha wiwe, n’umushumba nka shebuja. Nyen’ urugo ko bamwise Beyezebuli, non’ abo mu rugo rwiwe ntibazorushiriza kubīta bartyo?


Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe.


Baramwumviriza gushitsa kur’ iryo jambo: maze basemerera n’ijwi rirenga, bati Kūra ūmeze artyo mw isi, na kare ntiyar’ abereye kubaho.


Hashize imisi myinshi, Abayuda baja inama yo kumwica:


Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushōrerakw amaboko, ariko batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani.


Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.


Ariko Yosefu, umugabo wiwe, kukw ar’ umugororotsi, kandi kukw atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite