Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebge mwishe mumumanitse ku giti.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu mu bapfuye, uwo mwari mwishe mumubamvye ku musaraba.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:30
16 Referans Kwoze  

Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda, bo n’i Yerusalemu, umwe bishe, bamumanitse ku giti.


Aravuga, at’ Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivy’ igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe:


yukw Imana yabishikije kuri twebge abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ng’ Ur’ Ubura bganje, uyu musi ndakuvyaye.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Kand’ igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera,


Nk’uko yabgiye ba sogokuruza, Kuzigirira Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira.


Uhoraho Imana ya ba sogokuruza aragahezagirwa, yashize mu mutima w’umwami imigabo imeze irtyo, yo gushariza ingoro y’Uhoraho ir’ i Yerusalemu.


Ewe Uhoraho, Mana ya ba sogokuruza bacu Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uze wame ukomeza mu mitima y’abantu bawe iyo migabo n’ivyo vyiyumviro, kandi wame werekeje imitima yabo kuri wewe.


Dawidi arasohoka, arabasanganira; arababarira, ati Namba muzanywe n’amahoro, muje kuntabara, umutima wanje uzomatana n’iyanyu; na ho namba muje kundaha, ngo mundangire abansi banje, kand’ ata kibi nakoze, Imana ya ba sogokuruza n’ibirābe, iducire urubanza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite