Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni kuki Satani yujuje umutima guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:3
25 Referans Kwoze  

Har’ uwoshobora kwinyegeza ahantu hihishije ngo nanje sindamubone? ni jewe Uhoraho mbibajije. Mbega sinkwiye ijuru n’isi? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Bazobona ibara, abarondera kuzika inama zabo i kuzimu ngo bazihishe Uhoraho, ibikorwa vyabo bikaba mu mwiza, bakavuga, bati Ni nde atubona? kandi bati Ni nde atuzi?


Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.


Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.


Hanyuma y’iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira, at’ Ico ukora, gikore n’ingoga.


Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,


Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.


Ni wasezerana isezerano ku Mana, ntutebe kurishitsa; kukw idahimbarwa n’ibipfu: ushitse ico wasezeranye.


Nawe ukavuga, ngw Imana izi iki? Kand’ uti Yoshobora ite guca imanza iri mu mwiza w’ umuzitanya?


Ukiyifise ntiyar’ iyawe? Kand’ umaze kuyigura, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uk’ ugomba? N’iki catumye wīgīra ingingo mu mutima wawe gukora urtyo? S’abantu uhenze, Imana ni yo uhenze.


yisigariza ku biguzi vyayo, umugore wiwe abizi, azana ikigabane, agishira imbere y’ibirenge vy’intumwa.


Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe cumi na babiri.


Muri mwebge ni hagira ūsezeranira isezerano Uhoraho Imana yiwe, ntaz’ atebe kurishitsa; kuk’ Uhoraho Imana yiwe itazobura kubimubaza, agasanga vyamuhindukiye icaha.


umugabo ni yasezeranira Uhoraho isezerano, cank’ akarahira indahiro, akībohesha ivyo araganye, ntaz’ ace mw ijambo ryiwe, arikw az’ ashitse ivyamuvuye mu kanwa vyose.


Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.


Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.


N’umutego ku muntu gupfa gutuntumukana ikintu, akavuga, ati N’icera, Maz’ ahejeje kwishira mw isezerano, akībaza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite