Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Petero n’izindi ntumwa barishura bati: “Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu!

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:29
10 Referans Kwoze  

Maze Sauli yishura Samweli, ati Naracumuye, kuko ntumviye icagezwe c’Uhoraho n’amajambo yawe, ngatinya abantu nkabumvira.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Abarira Adamu na we, ati Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe;


Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.


Maze Yeremiya abarira abaganwa bose n’abantu bose, at’ Uhoraho ni we yantumye kubūrira kur’ iyi ngoro no kur’ iki gisagara amajambo yose mwumvise.


Baca bishura umwami, bat’ Ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda, ntaruha akubara, mugenzi, canke ca cihanikirizo wasinyeko, arikw asenga gatatu‐gatatu ku musi.


Arikw ijambo ry’umwami rinesha irya Yowabu n’iry’ abagabisha b’ingabo. Nuko Yowabu n’abo bagabisha bava imbere y’umwami, baja guharūra Abisirayeli.


Uko ni ko Uriya umuherezi yagenza nk’uk’ umwami Ahazi yamubariye kwose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite