Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana za ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:26
13 Referans Kwoze  

ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamar’ abantu bose bārabashimagiza,


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


Bumvise ayo majambo umukuru w’abashibamyi b’urusengero n’abaherezi bakuru bazazanirwa n’ivyabo, ikizovamwo.


Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo kumwica, kuko batinya abantu.


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushōrerakw amaboko, ariko batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani.


Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.


Ariko, bati Ntitumufate mu misi mikuru, hoye kuvyuka umugūmūko mu bantu.


Kandi ni twavuga tuti Ni mu bantu; n’uko dutinya ishengero, kuko bose bavuga yuko Yohana yar’ ūvugishwa n’Imana.


Agomba kumwica, arikw atinya abantu, kuko bāmwiyumvira kw ar’ umuntu avugishwa n’Imana.


Ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka, gushitsa ku rugo rw’umuherezi mukuru, ashika imbere, yicarana n’abagendanyi ngw arābe amaherezo.


Aragenda, aja inama n’abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero, y’uburyo bgo kumubaronkera.


Abagendanyi bagiye ntibabasanga mw ibohero: baragaruka barababgira,


Haza umuntu arababarira, at’ Erega ba bagabo mwashira mw ibohero bari mu rusengero bahagaze bigisha abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite