Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha. Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha. Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, baca barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:21
16 Referans Kwoze  

Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.


kuk’ uzomubera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise.


Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.


Maze hahaguruka umwe mw ikombe, w’Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato.


Bamaze kubazana babashira mw ikombe: umuherezi mukuru arababaza,


Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,


Pilato ati Mbega nanje nd’ Umuyuda? Ab’ ubgoko bganyu n’abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?


Iryo joro rikeye, hakorana abashingantahe b’ubgo bgoko, ni bo baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bamujana mw ikombe ryabo, baramubaza,


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


Ngw agabe abaganwa biwe ukw agomba, Yigishe abakuru biwe ubgenge.


Kandi n’umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y’ivyo, bo n’abanyekombe bose. Ni bo bāmpaye ivyete vyandikiwe bene Data b’i Damasiko, ikinjanyeyo ar’ ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite