Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:17
24 Referans Kwoze  

Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.


Arikw Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b’imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigūmūko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukūramwo Paulo na Sila, ngo babashikirize abantu.


Ba sogokuruza bagirira Yosefu ishari, baramugura ngw ajanwe muri Egiputa. Imana ibana na we,


Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,


Arikw abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we,


Kuko yamenye yukw ishari ari ryo rimubatangishije.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?


Umutima utekereje ni bgo bugingo bg’umubiri, Arikw ishari ni nk’ikimungu co mu magufa.


Ereg’ igipfu ni co cicwa n’ umwikomo, N’imburabgenge ni yo yicwa n’ishari.


Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?


igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ ivyo. Ivyo ndabibabūriye, nk’uko nabibabūriye kera, yukw abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana.


Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.


Abami bo mw isi batonze urugamba, N’abakuru bakoraniye hamwe, Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta.


na Anasi umuherezi mukuru, na Kayafa na Yohana na Alekisandero, n’ab’ umuryango bose w’abaherezi bakuru.


Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.


Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngw ababatize, arababaza, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?


Hakoranira ishengero rivuye no mu bisagara bihereranye n’i Yerusalemu, bazana abarwaye n’abababazwa n’impwemu zihumanye: bakizwa uko bangana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite