Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Hakoranira ishengero rivuye no mu bisagara bihereranye n’i Yerusalemu, bazana abarwaye n’abababazwa n’impwemu zihumanye: bakizwa uko bangana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Abantu isinzi bama bakorana bavuye mu mihana ikikuje Yerusalemu, bazanye abagwaye n’abafashwe n’impwemu mbi, kandi bose barakira.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:16
16 Referans Kwoze  

Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.


ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.


Maz’ ishengero ribimenye riramukurikira: arabākīra, ababgira ivy’ ubgami bg’Imana, kand’ abāgomba kuvūrwa arabakiza.


Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara.


Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose,


Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu ukwizera, uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu umwe ingabire zo gukiza indwara,


Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.


bituma banaterurira abarwaye ku nzira, babashira mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho coba igitūtu ciwe gishike kuri bamwe.


Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,


Kandi n’abababazwa n’impwemu zihumanye barakizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite