Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko abantu benshi, abagabo n’abagore barizera Umwami, igitigiri cabo cama congerekana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:14
24 Referans Kwoze  

bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Kandi nahama abakurikira Inzira ya Yesu gushitsa bapfuye, nkababoha nkabashira mu mabohero abagabo n’abagore.


Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu.


Ababa i Luda n’i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.


Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.


amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi.


Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.


Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Uhoraho, muri we honyene ni ho har’ ukugororoka n’inkomezi, ni ko bazomvuga; kuri we ni ho abantu bazoza; kand’ abamurakiye bose bazotētērwa.


Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.


Nuko Ezira agisenga yātura, kand’ arira, yikubise hasi imbere y’ingoro y’Imana, ikoraniro rinini cane ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore n’abana, bakoranira ah’ ari; kand’ abantu bararira cane.


Maz’ agaburira abantu bose bo mur’ iryo shengero ryose ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye. Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we.


Haza abemeye gutanga bose bivuye ku mutima, abagabo n’abagore, bazana impeta zo mu mazuru n’izo mu matwi, n’izo bādomesha ibimenyetso, n’inyerere, vyose ar’ utugenegene dukozwe mw izahabu; umuntu wese yar’ afise icitwa izahabu yakizana kugishikanira Uhoraho.


Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.


Kandi Kristo ahūriye hehe na Beliyari? Cank’ uwizera n’ūtizera basangiye iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite