Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamar’ abantu bose bārabashimagiza,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:13
19 Referans Kwoze  

bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.


Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi: abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.


Hanyuma y’ivyo Yosefu Umunyarimataya, yar’ umwigishwa wa Yesu, ariko mu mpisho, kubgo gutinya Abayuda, yaka Pilato ikiziga ca Yesu ngw akijane: Pilato aremera; nukw araza ajana ikiziga ciwe.


Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,


Abavyeyi biwe bāvugiye ivyo, kuko bātinya Abayuda, kukw Abayuda bāri bamaze kuja ingingo, ng’umuntu wese azokwatura Yesu kw ari Kristo acibge mw isinagogi.


babura uko bamugira; kukw abantu bose bāri bamumaseko, bamwumva.


Abanyavyaha b’i Siyoni baratinye; agatengo gafashe giturumbuka abatubaha Imana. Muri twebge ni nde yoshobora kubana n’umuriro utongora, kandi muri twebge ni nde yoshobora kubana n’ikibengebenge kidahengeshanya?


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.


Ntitwirata ibirenze urugero, ntitwirata ivy’ abandi bakoze. Ariko twizigiye yuk’ ukwizera kwanyu ni kwakura, tuzoshirwa hejuru kubganyu, ku vyo twagerewe, ngo twāgukirwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite