Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bākoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhūye:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Inyuma y’ivyo, intumwa zibandanya zikora ibitangaza n’utwumiza mu bantu, kandi abizera bose bama bahurira hamwe mw’ibaraza rya Salomo, bahuje umutima n’inama.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:12
22 Referans Kwoze  

Kand’ Imana ikoresha amaboko ya Paulo ibitangaza vy’agaheta:


N’ukuri ivyerekana intumwa vyakorewe hagati yanyu mu kwihangana kwose, ni vyo bimenyetso n’ibitangaza n’ibikorwa bikomeye.


Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.


Bamara imisi myinshi bavuga batabobotereza kubg’ Umwami Yesu, ashingira intahe ijambo ry’ubuntu bgiwe, abaha gukora ibimenyetso n’ibitangaza n’amaboko yabo.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Agifashe Petero na Yohana, abantu bose birukira kuri bo, bakoranira kw ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane.


Yesu agendagenda mu rusengero mw ibaraza rya Salomo.


ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu.


Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.


Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.]


Amara imisi myinshi agenza artyo. Ariko Paulo adundumiwe, arahindukira, abarira dayimoni, ati Ndakubariye mw izina rya Yesu Kristo, muvemwo. Amuvamwo mur’ ako kanya.


Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.


asangay’ umuntu yitwa Ayineya, yar’ amaze imyaka munani avunda mu buriri, kuko yari yaramugaye.


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


N’iki kikuvugisha mw izina ry’Uhoraho ngw Iyi ngoro izomera nk’i Shilo, ngo N’iki gisagara kizoba amatongo, ata wukikibamwo? Nukw abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y’Uhoraho.


Yesu aramubgira, at’ Iyo mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza nta ho mwizera na mba.


Ivyo bibaye, abandi bari n’indwara bo mur’ ico kizinga baraza, arazibakiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite