Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:36
24 Referans Kwoze  

Kandi n’abandi Bayuda bahumbana na we, bitayeko na Barunaba atwarwa n’ubgo buhumvyi bgabo.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Maze hahise imyaka cumi n’ine, nongera kudūgana na Barunaba, kandi na Tito ndamujana.


Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bgato, afata i Kupuro;


Canke jewe na Barunaba ni twebge twenyene tutemererwa kureka gukora?


Bamwe mu bigishwa bavuye i Kayisariya turajana, bazana Umunyakupuro yitwa Munasona, yar’ umwigishwa wa kera, tuba ari we dusemberako.


Barunaba agomba ko bajana na Yohana na we, ari we Mariko.


Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Maz’ ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Paulo babīgānira ibimenyetso n’ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga.


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko.


atoranya na Yakobo mwene Zebedayo, na Yohana mwene nyina wa Yakobo, na bo abita Bowanerige, risobanurwa ngw Abana b’inkuba;


Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli.


Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye.


Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera bamanuka i Seleyukiya. Bavudukayo bari mu bgato bafata i Kupuro.


Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.


Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.


Tuvudukayo, duca musi y’i Kupuro ngo tuhīkinge umuyaga, kuko war’ uduturutse imbere.


Arik’ ūvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanūra n’ivyo kubirura.


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite