Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Kand’ intumwa zāshingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu ziri n’ubushobozi bginshi, kand’ ubuntu bg’Imana bginshi buba kuri bo bose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Intumwa zibandanya gushingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu zuzuye ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw’Imana bwinshi bwaguma bugwira kuri bo bose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:33
14 Referans Kwoze  

Kukw ibibōgabōga muri we ari vyo twahaweko twese, n’ubuntu bugerekeranye n’ubundi.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.


ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu.


bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Kandi Yesu agwiza ubgenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu.


Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.]


Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite