Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Kand’ abizeye b’akavuvu bari bahūje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yakīmbūkira ikintu cose atunze ngo n’iciwe, ariko vyose bārabisangira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Abizera bose bari bahuje umutima n’inama muri vyose. Nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari ivyiwe wenyene, ariko basangira ivyo bafise vyose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:32
21 Referans Kwoze  

Ariko ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Nzobaha umutima umwe no kujana inzira imwe, kugira ngo bahore banyubaha gushitsa ibihe vyose; ngo bahave baroranirwe, bo n’ abana babo bazoba babasubiriye mu gishingo.


Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;


Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,


Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.


Sinkiri mw isi, ariko bo bari mw isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk’uko natwe turi.


Kandi n’i Buyuda ukuboko kw’ Imana kubaha guhūza umutima, bumvira ico cagezwe c’umwami n’ abaganwa kivuye kw ijambo ry’ Uhoraho.


Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.


natwe ni ko turi; turi benshi, kandi tur’ umubiri umwe muri Kristo, umuntu wese n’urugingo rwa mugenzi we.


Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bākoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhūye:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite