Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:31
17 Referans Kwoze  

Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.


Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.


haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo.


Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:


Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Kand’ abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, bāremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


Bamara imisi myinshi bavuga batabobotereza kubg’ Umwami Yesu, ashingira intahe ijambo ry’ubuntu bgiwe, abaha gukora ibimenyetso n’ibitangaza n’amaboko yabo.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite