Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Gorora ukuboko kwawe maze ukize, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:30
19 Referans Kwoze  

Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


Petero aramubarira, at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.


Ewe Uhoraho, ivyo urabizi: nyibuka, ungendere, umpōre abandendereza; ntunkūreho, kubg’ ukwihangana kwawe: menya kw ari kubgawe ntukwa.


Stefano yari yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi, yakora mu bantu ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye.


Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bākoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhūye:


Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.


Umuntu wese aterwa n’ubgoba: kand’ utwumiza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.


Yesu aramubgira, at’ Iyo mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza nta ho mwizera na mba.


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite