Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:28
21 Referans Kwoze  

uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.


Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’ iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba; nkavuga nt’ Imigabo yanje izohama, kand’ ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.


Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugira ngw ishitse ibiriho mur’ iyi misi, ikize abantu benshi, boye gupfa.


Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.


Arikw ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abāvugishwa na yo bose bitaribgabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije irtyo.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Ni co catumye Imana, kukw igomba kurushiriza kwereka abaragwa b’ivyasezeranywe ingen’ imigabo yayo idahinduka, ishira hagati indahiro kuba umuhūza;


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


N’ukuri, Umwana w’umuntu aragenda, nk’uko vyashinzwe: arik’ uwo muntu amugura azobona ibara.


Non’ ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?


Ni nde yigeze kurōngōra Mpwemu w’Uhoraho, akamwigisha nk’ah’ ar’ umujanama wiwe?


Ivyo na vyo biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo, umujanama w’igitangaza, w’ubgenge bg’agahebuza.


bakavuga, bati N’anyaruke, atebutse igikorwa ciwe tukirābe: kand’ imigabo y’Uwera w’Abisirayeli ni yīgire hafi ishike, kugira ngo tuyimenye!


Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Arikw iyo yo ni yo ifise ubgenge n’inkomezi; Ni yo ifise inama no kumenya.


Uhoraho Nyen’ ingabo ararahiye, ati N’ukuri, uko niyumviriye ni ko bizoshika, kand’ uko nagabiye ni ko bizoba:


Mbega ntiwumvise uko nabigenjeje kera, mbigabiye mu bihe vyashize? None narabishikije, kugira ng’ uhonnye ibisagara vyubakiwe inzitiro, ubihindure ibirundo vy’amasakamburira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite