Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:21
18 Referans Kwoze  

Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.


Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo kumwica, kuko batinya abantu.


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushōrerakw amaboko, ariko batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani.


Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.


Barondeye ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamwiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana.


Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.


Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.


ariko vyoye kurushiriza kwamamara mu bantu, tubahahirize, ntibongere kugira umuntu n’umwe babarira mur’ iryo zina.


Akivuga ivyo, abamurwanya bose baramāramāra, ishengero ryose rinezererwa ivyiza vy’agahebuza yakora vyose.


Bose barumirwa cane, bahimbaza Imana, baterwa n’ubgoba bginshi, bat’ Uyu musi tubonye ibitangaza.


Ariko, bati Ntitumufate mu misi mikuru, hoye kuvyuka umugūmūko mu bantu.


Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga n’ibimuga bikomera n’abacumbagira bagenda neza n’impumyi zibona; bahimbaza Imana y’Abisirayeli.


Dayimoni amaze gusendwa ico kiragi kiravuga. Kand’ ishengero riratangara, riti Mu Bisirayeli ntiharibgaboneke ibimeze birtyo.


Kuk’ uwo muntu yar’ arengeje imyaka mirongwine avutse, uwakozwekw ico kimenyetso co kumukiza.


ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamar’ abantu bose bārabashimagiza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite