Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Twebwe ntidushobora kureka kuvuga ivyo twiboneye kandi twiyumviye.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:20
27 Referans Kwoze  

kuk’ uzomubera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise.


Iyo mvuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe, haca haba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora.


Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we n’uko, uwo Imana yahaye abayumvira.


Uheze ugende, ushikīre abo mu bgoko bganyu b’abanyagano, uvugane na bo ubabgire, bovyumva, batovyumva, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize.


Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Paulo agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.


wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ar’ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana.


Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.


Amara yanje, amara yanje aradobangana! Nseserewe mu mutima wanje; umutima wanje umpagazemwo, sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje, ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba, n’akarūru k’intambara!


Arik’ Uhoraho arambarira, ati Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’ uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga.


Ati Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe, Ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.


Rāba, nabariwe kubahezagira: Na yo yarabahezagiye, nanje sinshobora kubihindura.


Balamu yishura Balaki, ati Rāba, noneho ndaje: yamara jewe ugira ngo har’ ico nshobora kuvuga ku ruhande rwanje? Ijambo Imana izonshira mu kanwa ni ryo nzovuga.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


Ni co gituma nuzuye ubushangashirwe bg’Uhoraho: bingoye kubuzina; burekurire ku bana bari mu nzira, no ku misore ah’iganamye: kuk’ umugabo azonyaganwa n’umugore wiwe, n’umutāma azonyaganwa n’ūgeze mu zabukuru.


Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite