Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Maze bararaka cane kuko izo ntumwa zariko zigisha abantu ko muri Yesu hari ukuzuka kw’abapfuye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:2
18 Referans Kwoze  

Maze bamwe mu banyabgenge bitwa Abepikureyo, n’abandi bitwa Abasitoyiko bahūra na we. Bamwe muri bo barabazanya, bati Mbeg’ uyu adedemba agomba kuvuga ibiki? Abandi bat’ Umenga n’ūzanye imana z’ivyaduka: kuko yavuga ubutumwa bgiza bga Yesu n’ubg’ ukuzuka.


Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge.


Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.


Arik’ umuntu wese mu mwanya wiwe: Kristo ni we mushuzo, maz’ aba Kristo bazobonerwa bazuke, ah’ azozira;


yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.


N’iki gituma mugira ngo n’ikintu kitoruha cemerwa kw Imana izura abapfuye?


shiti ryoba rya jambo rimwe navuze n’ijwi rirenga mpagaze muri bo, nt’ Ukuzuka kw’ abapfuye ni kwo kumpagaritse mur’ izi manza imbere yanyu uyu musi.


Nko mur’ ico gihe havyuka imivurungano itari mike kubg’ Inzira ya Yesu.


Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,


wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite