Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 ariko vyoye kurushiriza kwamamara mu bantu, tubahahirize, ntibongere kugira umuntu n’umwe babarira mur’ iryo zina.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ariko kugira tubuze ibi bintu kubandanya vyamamara mu bantu, reka tubabuze kubandanya bigisha muri iryo zina.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:17
25 Referans Kwoze  

ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.


Kuko muri mwebge humvikanye ijambo ry’Umwami wacu, kandi ntiryumvikanye i Makedoniya no muri Akaya honyene, arik’ ukwizera Imana kwanyu kwaramamaye hose; bituma tutarinda kugira ico tuvuga mur’ ivyo.


Bumvise ayo majambo umukuru w’abashibamyi b’urusengero n’abaherezi bakuru bazazanirwa n’ivyabo, ikizovamwo.


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


Nuko n’ugere barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngw abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabgira abantu ngo yazutse mu bapfuye; maz’ ubuhumvyi bga nyuma bgoruta ubga mbere.


Ariko mwebge mwāhaye Abanaziri vino ngo bayinywe, mutako mubuza abo mvugisha, muti Ntimukavugishwe.


Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.


Amaso yabo arahumūka. Yesu arabihanikiriza, ati Murumva, ntihagire umuntu abimenya.


Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.


Namwe ba shebuja, mubagirire murtyo nyene, mwirinde kubakangisha, kuko muzi yuko Shobuja musangiye ari mw ijuru, kandi ntarobanura abantu ku butoni.


yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite