Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:13
22 Referans Kwoze  

Arikw Imana yatoranije ibipfu vyo mw isi, ngw imāramāze abanyabgenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi ngw imāramāze ibikomeye,


Abayuda baratangara, bati Mbeg’ uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe?


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Hahise akanya, abahagazeho baramwēgēra, babgira Petero, bati N’ivy’ ukuri nawe ur’ uwo muri bo; bitayeko n’imvugo yawe iraguhinyuza.


Arikw abo bantu batazi ivyagezwe n’ibivume.


Atuma Petero na Yohana, arababarira, ati Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye.


Yungururije mu bikingi vy’irembo, iyindi ncoreke iramubona, ibarira abar’ aho, iti N’uyu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti.


Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe.


kandi babonye uwo muntu yakijijwe ahagararanye na bo, babura ico bavuga.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko.


Aba kumwe na bo amaja n’amaza i Yerusalemu,


ibihishijwe mu mutima wiwe bigaseruka; nukw akubika inda, agasenga Imana, akātura yukw Imana iri muri mwebge vy’ukuri.


Nuko ko dufise icizigiro kingana girtyo, tuvuga tutabobotereza na gatoya,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite