Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bakivugana n’abantu, abaherezi bazanana aho bari n’umukuru w’abashibamyi b’urusengero, n’Abasadukayo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Abaherezi bari kumwe n’umukuru w’abarinzi b’urusengero hamwe n’Abasadukayo baca baraza aho Petero na Yohana bariko barigishiziza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:1
20 Referans Kwoze  

Aragenda, aja inama n’abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero, y’uburyo bgo kumubaronkera.


Bosha abantu n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramugīra, baramufata, bamujana mw ikombe.


Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.


Bumvise ayo majambo umukuru w’abashibamyi b’urusengero n’abaherezi bakuru bazazanirwa n’ivyabo, ikizovamwo.


Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngw ababatize, arababaza, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?


na Anasi umuherezi mukuru, na Kayafa na Yohana na Alekisandero, n’ab’ umuryango bose w’abaherezi bakuru.


Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa.


Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.


N’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe bamucurīra bartyo na bo,


Arikw abaherezi bakuru n’abashingantahe bosha ishengero ngo rimusabe Baraba, ryicishe Yesu.


Bamutumakw abigishwa babo hamwe n’abantu ba Herode, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kandi k’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’ udatinya ijunja ry’abantu:


Buno batahura kw atababgiye kwirinda umwambiro w’umutsima butsima, ariko kw ar’ inyigisho z’Abafarisayo n’Abasadukayo.


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


Umusi ur’ izina, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bgiza, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bazanana kuri we n’abashingantahe:


Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite