Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Nuko atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka, yiterera hejuru, ahimbaza Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:8
11 Referans Kwoze  

Avuga n’ijwi rirenga, ati Hagarara n’ibirenge vyawe, weme. Arabaduka, aratambuka.


Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’ impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe: kukw amazi azodudubiriza ahagadutse, imigezi itembere mu bugaragwa.


Uwo musi muze munezerwe mwitere hejuru, kukw impēra yanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko ba sekuruza babo bāgize abāvugishwa n’Imana.


Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere.


Aca ahumūka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana: abantu bose babibonye bashima Imana.


Maz’ amufata ukuboko kw’i buryo, amukūra hasi: ako kanya ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera,


Umuntu arimw’ impwemu ihumanye abagurukirako bompi, arabanesha, arababirika, bahunga mur’ iyo nzu bambaye ubusa bakomeretse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite