Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Petero aramubarira, at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:6
22 Referans Kwoze  

Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.


Petero aramubgira, ati Ayineya, Yesu Kristo aragukijije: vyuka, wizingire ikirago. Aca avyuka ako kanya.


Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


Amara imisi myinshi agenza artyo. Ariko Paulo adundumiwe, arahindukira, abarira dayimoni, ati Ndakubariye mw izina rya Yesu Kristo, muvemwo. Amuvamwo mur’ ako kanya.


Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha;


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Nk’uk’ umuntu wese yagabiwe ingabire muzigaburirane, nk’uko bibereye ababgiriza beza b’ubuntu bg’Imana bg’uburyo bginshi.


Babashize hagati, barababaza, bati N’ubushobozi ki, canke n’izina ki, vyabateye gukora ivyo?


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.


Ntimutekere izahabu cank’ ifeza cank’ amahera mu mipfuko yanyu,


Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe?


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA.


Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise.


Akoze ukw ashoboye, ansutse amavuta ku mubiri kuwutegurira guhambga bitaraba.


Gushitsa n’ubu twishwe n’inzara n’inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo,


Abashirak’ umutima agira ngo har’ ico bamuha.


Maz’ amufata ukuboko kw’i buryo, amukūra hasi: ako kanya ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite