Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Igihe Imana yazura umusavyi wayo, yabanje kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:26
41 Referans Kwoze  

Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.


Mose koko yaravuze, at’ Uhoraho Imana azobahagurukiriza ūvugishwa na we mu b’i wanyu ameze nkanje; uwo muze mumwumvire mu vy’ azobabarira vyose.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Namwe mur’ abana b’abāvugishwa n’Imana, kandi mur’ ab’ isezerano Imana yasezeranye na ba sogokuruza banyu, ibarira Aburahamu, iti Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


Kandi ndazi yukw aho nzozira i wanyu, nzoza nzanye umugisha wa Kristo wuzuye.


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


kugira ngo na yo iz’ itume Kristo yabatoranirijwe kera, ni we Yesu.


kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.


N’ukuri numvise Efurayimu yiganyira, ati Warankubise, ndakubitika, mmera nk’inyana itamenyereye ingōgo: mpindukiza mbone guhindukira, kuko wewe ur’ Uhoraho Imana yanje.


Arabishura, ati Sinatumwe ku bandi, atari ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli.


Mwebge musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kukw agakiza gaturuka mu Bayuda.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


Ico mvuga n’uko Kristo yacitse umukozi w’abākebge wo kubagaburira ivy’ Imana, kubg’ ukuri kwayo, kugira ngw ashitse ivyo ba sogokuruza bāsezeraniwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite