Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Mber’ abāvugishwa n’Imana bose, uhereye kuri Samweli n’abāmukurikiye, abāvuze bose bāramenyekanishije ivy’ iyi misi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Kukaba nka ko, n’abandi bavugishwa bose uhereye kuri Samweli, baravugishijwe ku biriko biraba uno musi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:24
12 Referans Kwoze  

Arikw ijuru rikwiye kumwākīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere.


Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Nukw Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bamenya ko Samweli yegukiye kuba ūvugishwa n’Uhoraho.


Mose na Aroni bo mu baherezi biwe, Na Samweli wo mu bambaza izina ryiwe, Bārambaza Uhoraho, akabishura.


Ariko noneh’ ivyagezwe bitariho, ukugororoka kuva ku Mana kurahishuwe, gushingirwa intahe n’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana,


ibaha abacamanza, gushitsa ku wavugishwa n’Imana Samweli.


Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’ Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane.


Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.


Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.


abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yar’ uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye: kand’ ati Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo.


yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite