23 Kand’ umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n’Imana, azorandurwa mu bantu.
23 Uwutazomwumviriza aze arandurwe mu bwoko bwiwe.’
Ati Kand’ ūtazokwumvira amajambo yanje uyo azovuga mw izina ryanje, nzobimuhōra.
Arik’ ūngaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha: ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero.
Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.
Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.
Ariko tweho ntitur’ abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’ abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.
Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.
tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,
Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.
Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza.
Kandi ni hagira umuntu atazokwibabaza kur’ uwo musi, az’ acibge mu bgoko bgabo.
Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.