Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Mose koko yaravuze, at’ Uhoraho Imana azobahagurukiriza ūvugishwa na we mu b’i wanyu ameze nkanje; uwo muze mumwumvire mu vy’ azobabarira vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Kuko Mose yavuze ati: ‘Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje, imukuye muri mwebwe nyene. Muze mumwumvire mu vyo azobabwira vyose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:22
22 Referans Kwoze  

Uwo Mose ni we yabgiye Abisirayeli, at’ Imana izobahagurukiriza ūvugishwa na yo mu b’i wanyu, ameze nkanje.


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo.


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


Naje mw isi nd’ umuco, kugira ng’ ūnyizera wese ntaz’ agume mu mwiza.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Arababaza, ati N’ibiki? Baramwishura, bati N’ivya Yesu Umunyanazareti, yar’ umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bginshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y’Imana n’imbere y’abantu bose:


Ariko nkwiye kugenda uyu musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko bidashoboka k’ūvugishwa n’Imana yicwa, atar’ i Yerusalemu.


Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.


Abo mw ishengero barabishura, bat’ Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yesu w’i Nazareti i Galilaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite