Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 kugira ngo na yo iz’ itume Kristo yabatoranirijwe kera, ni we Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 kugira yongere ibarungikire Kristo yabashiriweho, ari we Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:20
15 Referans Kwoze  

Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


ntimushōke munyiganyiga ngo mugwe igihūmura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebge, kivuga yuk’ umusi w’Umwami wacu uhejeje gushika.


Bakiriko barumva ivyo, avyongerak’ umugani, kuko yari hafi y’i Yerusalemu, kandi kuko biyumvira yuk’ ubgami bg’Imana bugira buboneke uwo mwanya;


na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu, ari n’ububasha bginshi n’ubgiza.


Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwēgēra bihereranye, baramubaza, bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’ umuhero w’isi?


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Arikw ijuru rikwiye kumwākīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite