Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:2
9 Referans Kwoze  

I Lusitira hār’ umugabo yar’ aremaye ibirenge uhereye aho yakaviriye mu nda ya nyina, nta ho yari yarigeze gutambuka.


Nukw ababanyi biwe, n’abāhora bamubona kw ar’ umusēzi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu si we yahora yicaye asēgerereza?


Kandi hāriho n’umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw irembo ryiwe yatonyanga ibisebe.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Ageze hafi y’i Yeriko, hār’ impumyi yicaye i ruhande y’inzira, isēgerereza.


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


Kuk’ uwo muntu yar’ arengeje imyaka mirongwine avutse, uwakozwekw ico kimenyetso co kumukiza.


bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asēgerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite