Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Biciye mu kwizera izina rya Yesu, uwu muntu yakize. Ni izina rya Yesu n’ukwizera kuva kuri we vyamukijije neza nk’uko muvyibonera mwese.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:16
21 Referans Kwoze  

Uwo yumva Paulo avuga, na we amuhanze amaso abona kw afise ukwizera kwo gukizwa.


ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.


Petero aramubarira, at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.


Amara imisi myinshi agenza artyo. Ariko Paulo adundumiwe, arahindukira, abarira dayimoni, ati Ndakubariye mw izina rya Yesu Kristo, muvemwo. Amuvamwo mur’ ako kanya.


Buno Yesu arakebuka aramubona, aramubgira, ati Hūmura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Nya mugore akira uwo mwanya.


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.


Babashize hagati, barababaza, bati N’ubushobozi ki, canke n’izina ki, vyabateye gukora ivyo?


arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana:


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu.


None se, k’umuntu akebga kw isabato, kugira ngw icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpōra iki ko kw isabato nakijije umuntu yiramvuriye?


n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro;


Na we ati Ngo. Petero yururuka mu bgato, agendesha amaguru ku mazi, ngw aje aho Yesu ari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite